Uko wahagera

USA Ibabajwe na Turukiya Yadandaje Drone Zayo muri Etiyopiya


Jeffrey Feltman, intumwa idasanzwe ya Amerika mu karere ko mw’ihembe rya Afrika,
Jeffrey Feltman, intumwa idasanzwe ya Amerika mu karere ko mw’ihembe rya Afrika,

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zarerekanye impungenge ku ngingo y'igihugu ca Turkiya y'ukugurisha indege zitagira abadereva bita "Drone" ku gihugu ca Etiyopiya gisinzikajwe n'ingwano.

Abategetsi ba Amerika berekanye ko badashimishijwe n’uko ico gihugu cagurishije izo ndege kuri Etiyopiya aho bivurwa ko hari ivyemezo bitera vyiyongera ko reta y’ico gihugu yazikoresheje ku barwanya ubutegetsi bo mu ntara ya Tigreya.

Batangaza ko bishobora kuba vyarenze ku ngingo ya Amerika iziririza igurishwa ry’ibirwanisho kuri Etiyopiya. Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika amenyesha ko intumwa idasanzwe ya Amerika mu karere ko mw’ihembe rya Afrika, Jeffrey Feltman, yerekanye impungenge z’igihugu ciwe kw’ikoreshwa ry’indege zitagira abadereva bita, “drone” muri Etiyopiya n’ukugene zishobora kugeramira abasivile. Hari mu rugendo yagize muri Turkiya mu ndwi irangiye.

Ico gihugu, kigurisha izo ndege mu bihugu bitari bike vy’i Bulaya, Afrika na Aziya, cariyamirije ibinebaguro vy’uko gifise uruhara mu guhungabanya Afrika. Kimenyesha ko kiriko kivugana n’impande zose muri Etiyopiya aho kizisaba kuganira. Ingwano imaze amezi 13 muri Etiyopiya hagati ya Reta y’ico gihugu n’inteko z’umuhari TPLF mu ntara ya Tigreya yahitanye abasivile ibihumbi n’ibihumbi, ikura mu zabo abandi imiliyoni n’imiliyoni.

Mu ndwi iheze ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryumvikanye ku vyerekeye gushiraho itohoza ryigenga kw’ihonyangwa ry’agateka ka muntu muri Etiyopiya; ingingo na reta y’ico gihugu yarwanije bikomeye. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG