Uko wahagera

Amerika Irashima ko Inteko za TPLF Zavuye mu Buraruko bwa Etiyopiya


Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire muri Amerika, Ned Price
Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire muri Amerika, Ned Price

Reta zunze ubumwe za Amerika yavuze kuri uyu wa mbere ko ifise icizere ko kubona abarobeli bo mu ntara ya Tigre basubiye mu birindiro vyabo vyo mu buraruko bwa Etiyopiya, vyuguruye imiryango kuri dipolomasiya yiyaguye.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’imigenderanire n’amakungu, Ned Price, yavuze ko kubona abo barobeli basubiye mu ntara yabo ya Tigre ari ikintu Amerika yakiranye urweze. Yavuze ko ari vyo Amerika yamye isaba kuva na mbere.

Ariko ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Amerika ntibwashotse bwemeza nimba amakuru yatangajwe kuri uko kuva mu ntara za Amhara na Afar kwa TPLF ari ukuri kwuzuye canke atari ukuri.

Iyi ngingo yafashwe n’abarobeli bo muri Tigre yatanze icizere ko hasbobora kuba ibiganiro vyo gucecekesha inkoho muri iyi ntambara imaze guhitana ibihumbi vy’abanyagihugu. Imaze kandi gutera ibibazo vy’inzara muri ico gihugu co mw’ihembe rya Afrika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG