Uko wahagera

Etiyopiya: Abarobeli Bemeza ko Bigaruriye Kandi Igisagara ca Lalibela


Umurwanyi wa TPLF ahagaze ahari isengero ry'umweranda Saint George i Lalibela, muri Etiyopiya, Kw'itariki 07/12/2021

Abarobeli bo mu ntara ya Tigre kuri uyu w’Imana bongeye kwigarurira igisagara ca Lalibela kiri mu buraruko bwa Etiyopiya ahari ikigo ndangakaranga ca UNESCO. Ibi vyavuzwe n’abanyagihugu b’aho, inyuma y’imisi 11 abasirikare ba Etiyopiya barongeye kucigarurira.

Uburongozi bw’abarobeli ba TPLF bwavuze ko bagavye ibitero mu bisagara biri kw’ibarabara rifatanya Gashena na Lalibela.

Ku muhingamo wo kuri uyu w’Imana nyene TPLF, yavuze kandi ko inyuma yo gusambura no gushwiragiza umwansi yari mu micungararo ya Gashena baciye bongera gufata ikibuga c’indege ca Lalibela.

Reta ntaco iravuga kuri ivyo vyatangajwe na TPLF.

Itumatumanako ryaraciwe mu bice biberamwo intambara kandi abamenyeshamakuru ntibemerewe kuhashika, ibica bituma bigora kwemera ibivuzwe n’uruhande uru canke urundi.

Ariko mu butumwa bwa Twitter bwashikirijwe ku musi wa gatandatu, ibiro vy’umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed vyavuze ko yasubiye ku rugamba kandi ko inteko yari arongoye zongeye gufata ibindi bice vyo mu ntara za Afar na Amhara. Ibi bice birimwo ibisagara vya Arjo, Fokisa na Boren.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG