Uko wahagera

Inteko Zirwanya Reta ya Etiyopiya Zavuye mu Ntara zo mu Buraruko


Debretsion Gebremichael, Umutegetsi mukuru w’umuhari, “Tigray people’s Liberation Front”, TPLF,

Inteko zo mu ntara ya Tigreya zirwanya Reta ya Etiyopiya zafashe ingingo y'ukuva mu ntara bihana urubibe zo mu buraruko bw'igihugu. Umuvugizi w’izo nteko, yatangaje iyo nkuru uno musi ku wa mbere. Ni intambwe ishobora gutuma ingwano yihaye inkumbi imaze amezi 13 ihagarara.

Umutegetsi mukuru w’umuhari, “Tigray people’s Liberation Front”, TPLF, mu mpfunyapfunyo, Debretsion Gebremichael yatangaje ko bishimiye ingingo bafashe ko izotuma amahoro aba mu gihugu.

Ikete ryiwe yandikiye ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryasavye ko akarere ka Tigreya kaziririzwamwo indege z’umwansi, gufatira ibihano Etiyopiya na Eritreya vyerekeye ibirwanisho hamwe n’ugushiraho uburyo vy’ugusuzuma ko inteko zaje ziva hanze zavuye muri Tigreya.

Debretsion amenyesha ko yizeye ko ingingo yabo y’ukuva mu ntara za Afar na Amhara izotuma amakungu atuma imfashanyo z’ibifungurwa zinjira muri Tigreya. Ishirahamwe ONU ryagirije imbere y'aho Reta ya Etiyopiya ko yazibiye imfashanyo zigenewe iyo ntara, icagirizo ihakana.

Umuvugizi w’umuhari TPLF, Getachew Reda avuga ko inteko za Reta ya Etiyopiya zitazosubira gukoresha icitwazo ko bariko bigarurira intara za Amhara na Afar.

Ibindi biri mw’ikete umuhari TPLF wandikiye ishirahamwe ONU birimwo kurekura abanyororo bapfunzwe ku mpamvu za politike n’ugukoresha amatohoza y’amakungu mu ntumbero y’ugukwirikirana abakoze ivyaha vyo mu ntambara. Ntaco Reta ya Etiyoypiya yatangaje buno nyene ku vyashikirijwe n’umuhari TPLF. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG