Uko wahagera

Etiyopiya: PAM Yagiriza TPLF Kuyisahura Imfashanyo z'Abanyagihugu


Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze kuri uyu wa gatatu ko ibifungurwa nka vyose vyaryo vyasahuwe mu bubiko mu buraruko bwa Etiyopiya. Ibi vyatumye ONU ica ifata ingingo yo guhagarika gutanga ibifungurwa mu bisagara bibiri vyo mu buraruko bw'igihugu ari vyo Dessie na Kombolcha vyigaruriwe n’inteko za reta muri iyi ndwi.

Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric avuga ko abakozi ba PAM muri Etiyopiya bananiwe guhagarika ubwo busuma kuko hageze aho baterwa ubwoba bafatirwako inkoho. Dujarric yavuze ko ibifungurwa vy’abana bazingamitswe n’inzara biri mu vyasahuwe.

Yemeza ko vyibwe n’abarwanyi b’umuhari TPLF urwanya reta ya Etiyopiya hamwe n’abanyagihugu bawufasha mu rugamba. ONU ivuga ko abantu barenga imiliyoni 9.4 muri utwo turere bafungura ar’uko bahawe imfashanyo.

Dujarric yavuze kandi ko ku musi wa kabiri n’uyu wa gatatu, amakamyo atatu ya PAM akoreshwa mu gutwara imfashanyo yanyurujwe mu ntara ya Amhara n’abasirikare, bayikoreshereza mu bikorwa vyabo vya gisirikare.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikunze gushavurirwa na reta ndetse n’inteko za Tigre. Kw’italiki ya 30 y’ukwezi kw’icenda, reta yatangaje urutonde rw’abategetsi ba ONU badakenewe mu gihugu ica igirako irabirukana. Yabagirije kwivanga muvy’igihugu. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG