Uko wahagera

Guterres Asaba Ihagarikwa ry'Intambara muri Etiyopiya ata Kirinze Gusabwa


COLOMBIA-PEACE/
COLOMBIA-PEACE/

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres, kuri uyu wa gatatu yasavye ko haba uguhagarika intambara muri Etiyopiya ata kirinze gusabwa kandi ubu nyene. Ni mu ntambara hagati y’inteko za reta hamwe n’abarwanya ubutegetsi bo mu ntara ya Tigre.

Ibi Guterres yabivugiye mu rugendo arimwo muri Colombiya, muri Amerika y’epfo, aho yavuze ko bishoboka ko Etiyopiya ironka amahoro kuko no muri Colombiya imyaka itanu irumanye abahoze bashamiranye basinye amasezerano yahagatitse intambara.

Intumwa mvamakungu zaragerageje kugira aberwa n’iyo ntambata bashike ku masezerano. Kandi hasa nuko hari icizere ko umwumvikano ushikwako.

Porogaramu ya ONU yita ku bifungurwa, PAM, ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku burenganzira bwa muntu, Human Rights Watch, hamwe n’ayandi mashirahamwe, barabandanya bahamagarira impande zirwana muri Etiyopiya kureka guhohotera abanyagihugu no kwemerera imfashanyo zigashikira amamiliyoni y’abasivile azikeneye.

Ni mu gihe, abanyagihugu bateshejwe izabo n’intambara mu ntara ya Amhara iri mu buseruko bwa Etiyopiya bavuga ko haruhande y’intambara bariko barwana n’inzara hamwe n’ingwara.

Abanyagihugu bavuganye n’Ijwi ry’Amerika bari mw’ikambi y’impunzi mu murwa mukuru w’intara ya Amhara, Bahir Dar, bavuze ko badasiba gupfuba ababo bicwa n’inzara hamwe n’ubukene bw’imiti.

Umuvugizi wa PAM, Tomson Phiri, yavuze kuri uyu wa gatatu aho yari i Geneve mu Busuwisi, ko imirwano yatumye ibarabara rija mu ntara za Tigre na Amhara ryugarwa. Ariko naho biruko yavuze ko babashije gusikana ibifungurwa ku bantu imiriyoni 2.6 mu ntara ya Tigre, ku 220.000 mu ntara ya Amhara hamwe no ku bandi 124.000 muri Afar.

Phiri yavuze kandi ko PAM ikehaniwe imiriyoni 546 z’amadolari mu twigoro twayo two kugarukira ku miliyoni 12 z’abantu mu mezi atandatu ari imbere. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG