Uko wahagera

Etiyopiya Yarekuye Abashoferi Bose ba PAM n'Abakozi 6 ba ONU


Umuvugizi wa Reta, Stephane Dujarric
Umuvugizi wa Reta, Stephane Dujarric

Abashoferi b’amakamyo bose bakorera ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku bifungurwa PAM, bafashwe mu ndwi iheze mu buraruko bwa Etiyopiya barekuwe, nkuko vyavuzwe n’umuvugizi wa ONU kuri uyu wa kane.

Abashofero 70 ba PAM bafatiwe mu murwa mukuru w’intara ya Afar, kw’ibarabara rimwe rudende rigihita rija mu ntara ya Tigre.

Bafashwe inyuma y’aho reta y’umushikiranganji wa mbere, Abiy Ahmed itangarije ibihe bidasanzwe mu ntango z’ukwezi kwa cumi na kabiri, ibihe abarobeli bagabisha ko bagiye gushika ku murwa mukuru, Addis Abeba.

Stephane Dujarric avugira ONU yavuze kandi ko n’abandi bakozi batandatu ba ONU bafashwe haruhande y’abo bashoferi barekuwe kuri uyu wa kane nyene, ariko yongeyeko ko hari n’abandi bakozi ba ONU batanu bagifunzwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG