Uko wahagera

Akazi k'Intumwa Idasanzwe ya US mw'Ihembe ry'Afurika Kazohera Vuba


Jeffrey Feltman intumwa idasanzwe y'Amerika mw'ihembe rya Afurika
Jeffrey Feltman intumwa idasanzwe y'Amerika mw'ihembe rya Afurika

Intumwa idasanzwe ya Reta zunze ubumwe z'Amerika mw'ihembe rya Afurika, Jeffrey Feltman, azova mu mabanga yiwe muri uku kwezi inyuma y'ikiringo kirenga amezi icenda yari ayamazemwo.

David Satterfield, yahora ari ambasaderi w'Amerika muri Turukiya ni we azomusubirira muri ayo mabanga. Feltman, yari amanyereye amabanga ajanye n’imigenderanire hagati y’ibihugu, yabaye intumwa idasanzwe y'Amerika mw’ihembe rya Afurika kuva mu kwezi kwa kane. Yategerejwe guhangana adatevye n’ibibazo 2 bikomeye muri Afrika. Ni ukuvuga ingwano hagati hagati y’inteko z’umuhari TPLF mu ntara ya Tigreya n’igisirikare ca reta ya Etiyopiya, hamwe na kudeta y’igisirikare muri Sudani mu kwezi kw’icumi kw’umwaka urangiye w’i 2021.

Inkuru y’uko Jeffrey Feltman azohagarika amabanga yiwe yatangajwe imbere y’uko aja muri Etiyopiya ku musi wa kane kubonana n’abategetsi bakomeye ba reta ya ho ku bijanye n’ibiganiro vy’amahoro. Ni mu mugambi wa Amerika wo guhagarika intambara hagati y’umuhari TPLF na Reta ya Etiyopiya.

Feltman, afise imyaka 62 muri iki gihe, yari yemeye amabanga y’intumwa idasanzwe ya Amerika mw’ihembe rya Afrika inyuma y’imyaka irenga 25 yari amaze aserukira igihugu ciwe mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu buseruko bwo hagati bw’isi no muri Afrika yo mu buraruko.

Yari yemeye ayo mabanga afise imigambi yo kuyarangura mu kiringo kiri musi y’umwaka. Jeffrey Feltman, yabaye Ambasaderi wa Amerika muri Turkiya. Imbere yaho yari muri Arabiya Sawudite, Libani, Tuniziya, Siriya n’ahandi. Imbere yaho yarabaye kandi umutegetsi akomeye mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika yari ajejwe ibibazo vyerekeye akarere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi. (Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG