Uko wahagera

PARCEM Yasubiye Guhabwa Uruhusha rwo Gukorera mu Burundi


Faustin Ndikumana atwara PARCEM
Faustin Ndikumana atwara PARCEM

Ishirahamwe ryigenga PARCEM ryasubiye kwemererwa gukorera mu Burundi. Umushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ni we yafashe iyo ngingo. Iryo shirahamwe ryari ryahagaritswe mu rukurikirane rw’ayandi yigenga mu mwaka w'2019. Ryari ryagirijwe ko ibikorwa vyaryo bicafuza isura y’igihugu n’abategetsi, bikanabangamira amahoro n’umutekano.

Uwutwara iryo shirahamwe, Faustin Ndikumana, yabwiye Ijwi ry'Amerika ko ashima iyo ngingo yo kubakurako ibihano. Yemeza ko ishirahamwe arongoye n'ubu ritazoreka kuvuga ibitagenda neza mu gihugu. Ndikumana yashimangiye ko iyo ngingo yafashwe hageze kuko kuri we igihugu kiriko kirafata ingingo zo kunagura ubutunzi. Faustin Ndikumana avuga ko intererano za PARCEM muri ico gisata zari zikenewe.

Inzego z’igihugu zari zahagaritse iryo shirahamwe mu kwezi kwa 6 umwaka w’i 2019. Ryagirijwe ko ryari “ryataye intumbero ahubwo rigatandukira gucafuza isura y’igihugu n’abategetsi, rikanabangamira amahoro n’umutekano”. Ico gihe amashirahamwe yigenga yari amaze igihe yerekana ibijanye n’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu hamwe n’inyuruzwa ry’ubutunzi bw’igihugu.

N’ubu Faustin Ndikumana atwara PARCEM mu vyo ryishinze harimwo no “guhamagarira abarundi guhindura ingendo”, yabwiye Ijwi ry' Amerika ko atazorya umunwa mu gushikiriza ibitagenda neza no guterera mu bisata vy’intwaro ibereye no kurwanya ibiturire.

Kuva umukuru w’igihugu mushasha agiye ku butegetsi yiyemeje kunagura imigenderanire ya Reta n’amashiramwe yigenga, amaradiyo n’ibimenyeshamakuru n’amakungu. Aha ni ho umuhinga yigenga ari i Bujumbura yabwiye Ijwi ry'Amerika ko intango iriko igenda neza. Gusa yavuze ko Reta yotera iyindi ntambwe mu kurwanya ukudahana ivyaha bikorwa na bamwe mu bari mu nzego n’urwaruka rwegamiye umugambwe uri ku butegetsi cane cane ibibangamira agateka ka zina muntu.

Ikindi uyu muhinga yigisha muri za kaminuza atashimye ko amazina yiwe amenyekana yashikirije ni uko n’amaradiyo mpuzamakungu nk’ Ijwi ry' Amerika na BBC y’Abongereza, yokugururwa kugira bihe isura nziza igihugu. Ibi n’uwutwara PARCEM yabigarutseko asabira ayandi mashirahmwe yigenga yafuswe ko yotezurirwa.

Muri aya harimwo nka FORSC, FOCODE, ACAT-Burundi, APRODH na RCP, yose yaharanira agateka ka zina muntu, ak’abafunzwe, ukwishira n’ukwizana mu gushikiriza ivyiyumviro. Abarongoye aya mashiramwe yose barahunze igihugu. Umwe muri bo, Gervais Nibigira, icegera c’uwutwara RCP, afise umwizero, agasaba ko n’ayabo yotezurirwa.

Iyo ngingo ije ukwezi kumwe inyuma y’aho mu gisata co kumenyesha amakuru n’aho, urwego rwa reta rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora, CNC, rwari rwarekuriye iradiyo Bonesha FM, imwe mu zari zugawe zituriwe mu mwaka w’2015, gusubira gukora. Ibi ni bimwe mu vyo umuryango w’ibihugu vya Bulaya wari wasavye kugira imigenderanire hagati y’Uburundi n’ivyo bihugu isubire kunaguka.

Yamara, igihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika giheruka gushikiriza muri raporo ko hakiri vyinshi vyo gukora mu kubahiriza agateka ka zina muntu mu ntumbero yo kugarukana ituze mu gihugu.

Inkuru y'Umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika, Pierre Claver Niyonkuru.

Faustin Ndikumana Avuga ko Atazokwigera Arya Umunwa
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:53 0:00


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG