Uko wahagera

FORSC: Ntituzigera Twicuza Imyiyerekano yo Kwiyamiriza Manda


Bamwe mu bari mu myiyerekano

Urunani rw'amashirahamwe yigenga Forsc rwari rwahamagariye Abarundi kwiyamiriza manda ya gatatu ya Prezida Pierre Nkurunziza mu 2015 rutangaza ko rutazigera rwicuza ingingo rwafashe n'ubwo hakurikiye ingorane zitari nke.

Urwo runani rurabeshuza ibivugwa ko rukina politike mugabo rukemeza ko ari inshingano z'umurundi wese gusaba gutwarwa neza.

Kuri uyu wa gatanu mu bihugu bitandukanye vyahungiyemwo Abarundi batavuga rumwe n'ubutegetsi batari bake hamwe n'impirimbanyi hatunganijwe ibikorwa vyo kwibuka imyaka ine iheze iyo myiyerekano itanguye.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika Eloge Willy Kaneza.

please wait

No media source currently available

0:00 0:04:44 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG