Uko wahagera

Pakistani Ihamagarira Amerika n’Abatalibani Gusubira mu Biganiro


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu muri Pakistani yakira bamwe mu batalibani

Reta ya Pakistani ihamagarira Amerika n’Abatalibani gusubira mu biganiro vy’amahoro.

Mu mubonano umushikiranganji w’imigenderanire ya Pakistani n’ayandi makungu, Shah Mehmood Qureshi, yagiranye na zimwe mu ndongozi z’Abatalibani yavuze ko igihugu ciwe kizokwama gishigikira inzira zose zishobora gutuma amahoro arama aboneka muri Afuganistani. Uwo mutegetsi yavuze ko ashima «Ishaka ry’abatalibani muri uwo mugambi w’amahoro ».

Umubonano w’abatalibani n’abategetsi ba Pakistani uhuriranye n’urugendo rw’intumwa idasanzwe ya Amerika muri Afuganistani, Zalmay Khalilzad, nawe ari mu rugendo i Islamabad ku murwa mukuru wa Pakistani.

Umwe mu bategetsi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu yavuze ko izo ngendo zihuriranye zidasiguye ko ibiganiro hagati ya Amerika n’abatalibani vyoba bigiye kwongera gutangura.

Suhail Shaheen avugira abatalibani ku ruhande rwiwe na wenyene yemeje ko izo ngendo z’impande zose muri Pakistani zahuriranye ata waziteguye, ariko ko ari nka hamwe Amerika yokwifuza kugaruka mu biganiro biteguye gusubira ku meza yavyo.

Pakistani ni kimwe mu bihugu bitatu vyonyene vyashigikiye ubutegetsi bw’abatalibani muri Afuganistani kuva mu 1996 gushika mu 2001 imbere y’uko ubwo butembagazwa n’urunani mpuzamakungu rwari ruyobowe na Reta Zunze ubumwe za Amerika.

Ubutegetsi bwa Pakistani bwaragize kandi uruhara mu biganiro hagati ya Amerika na Afugansitani. Ni ibiganiro Perezida wa Amerika Donald Trump yavuyemwo mu ntango z’ukwezi kw’icenda, inyuma y’igitero cegetswe ku ba talibani cahitanye umusoda wa Amerika umwe i kaboul.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG