Uko wahagera

Abatalibani Bagabisha Gukaza Imirwano Kubera Ingendo ya Amerika


Perezida wa Amerika Donald Trump
Perezida wa Amerika Donald Trump

Abatalibani bagabishije ko ari nka hamwe Reta Zunze Ubumwe za Amerika yohirahira igahagarika imishikirano barimwo bazokaza ibitero muri Afuganistani.

Bagabishije inyuma y'aho Perezida wa Amerika Donald Trump ategetse ko ibiganiro n’Abatalibani bihagarara kubera igitero cabereye i Kabul kigahitana umusirikare w'Amerika umwe n’abasivile 11.

Zabihullah Mujahid avugira Abatalibani yavuze ko inzira zishoboka zitarenga zibiri: Ibiganiro canke imigwano.

Ntibiramenyekana nimba ingingo ya Trump yo guhagarika imishikirano n’Abatalibani izoca ihagarika umugambi w'Amerika wo kuvana muri Afuganistani abasirikare bayo bagera ku 14.000 nkuko vyari bitegekanijwe mu nteguro y'amasezerano.

Ibiganiro hagati ya Amerika n'Abatalibani bicumbagiye vyari vyatanze umwizero ku batari bake ko hoba hagiye kuboneka amasezerano aganisha ku mahoro, inyuma y’intambara imaze imyaka 18 muri Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG