Uko wahagera

Ku Ncuro ya Kabiri Koreya Zompi Zahuye


Perezida Moon Jae-in ariko ahobera mugenzi we Kim Jong igihe bahura
Perezida Moon Jae-in ariko ahobera mugenzi we Kim Jong igihe bahura

Kuri uno wa gatandatu, Perezida wa Koreya y’Epfo Moon Jae-in na mugenzi we wa koreya ya Ruguru Kim Jong Unbahuriye mu karere “Panmunjon” kari hagati y’ivyo bihugu bibiri katemerewe gukorerwamwo ibikorwa vya gisirikare.

Itangazo ryasohowe n’ibiro vya perezida Moon rivuga ko uwo mu bonano wamaze amasaha abiri wari ugamije kuraba ishirwa mu ngiro ry’amasezerano bafunditse aho baherukana mu kwa kane, no kwihweza icokorwa kugira ibiganiro hagati ya koreya ya Ruguru na Amerika bizogire ico bishitseko.

Umubonano wa Moon na Kim ubaye inyuma yaho ku musi wa kane perezida wa Amerika Donald Trump atangarije ko ibiganiro hagati ya Amerika na Koreya ya Ruguru bitakibaye. Trump yahavuye yamara yisubirako kuri uno wa gatanu amenyesha ko bishobora kuba.

Bubaye ubugira kabiri kuva mu 1953 abategesti ba Koreya zompi bahuye. Ubuheruka bahuye mu kwezi guheze aho umubonano wabo watanze ivyizigiro vy’amahoro no guhagarika ukutumvikana kumaze imyaka hagati y’ivyo bihugu bibiri ku kibazo ca Nikleyeli.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG