Uko wahagera

Perezida Trump Yipfuza Inama na Prezida Kim


Perezida Trump wa Amerika na Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru
Perezida Trump wa Amerika na Kim Jong Un wa Koreya ya Ruguru

Perezida wa Reta zunze z'Amerika, Donald Trump yiteguriye gusaba ko haba inama n’umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru, Kim Jong Un mu kwezi kwa gatanu canke mu ntango z’ukwa gatandatu uyu mwaka.

Iryo tangazo risohotse inyuma y'aho abategetsi b'Amerika bamenyesheje ko perezida Kim yiteguriye kuganira ku buryo yohagarika umugambi wiwe wo guhingura ibigwanisho ruhonyaganda vya NiKleyeri.

Ayo makuru ni ayambere asohotse yerekana ko hariho icizere c’uko perezida Kim agifise icipfuzo co kubonana na Trump, inyuma y'aho atangarije ku ncuro ya mbere mu kwezi guheze yuko yipfuza kubonana nawe.

Amakuru y’imvaho yerekeye iyo nama yimirije hagati y'abo bategetsi n’aho izobera ntaramenyekana.

Yamara abategetsi ba Amerika baramaze kuvuga ko hamaze kuba ibiganiro bidatangazwa bimaze kuba hagati y’ayo ma reta abiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG