Uko wahagera

Trump: Kim Jong Azokingirwa Ubutegetsi Niyavavanura na Nikleyeli


Pa perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z'Amerika na Kim Jong Un wa Koreya ya ruguru.

Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yatangaje ko igihugu ca Koreya ya ruguru gishobora gutunga cane kandi yemera ko umuryango wa Perezida Kim Jong Un uzokingirwa ugumizwe ku butegetsi mu gihe wokwemera kuvavanura n’umugambi wo guhingura ibirwanisho vya Nikleyeli.

Mu gihe Kim Jong Un atokwemera ivyo, Trump agabisha Koreya ya ruguru ko gishobora Kuzosamburwa. Perezida Trump yabitangaje kuri uyu wa kane.

Trump yavuze ko imyiteguro y’ibiganiro hagati y’abategetsi ba Reta zunze ubumwe z’Amerika na Koreya ya ruguru bitegekanijwe kuwa 12 z’ukwezi kwa gatandatu ibandanya nkuko vyamye, naho ku ruhande rwa Koreya ya ruguru habandanya haba amakenga kuri ivyo biganiro.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG