Uko wahagera

Ba Perezida ba Koreya Zompi Bahuriye i Panmunjom


Perezida wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un, ibubamfu, na mugenzi we wa Koreya ya Ruguru Moon Jae-in aho babonanira mu kibanza ca Panmunjom gitandukanya ivyo bihugu.
Perezida wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un, ibubamfu, na mugenzi we wa Koreya ya Ruguru Moon Jae-in aho babonanira mu kibanza ca Panmunjom gitandukanya ivyo bihugu.

Perezida wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un hamwe na mugenzi we wa Koreya y’epfo, Moon Jae-in bahuriye kuri uyu wa gatanu mu gice kiri ku rubibe ivyo bihugu bihana mu nama itanga ivyizigiro vy’amahoro no guhagarika ukutumvikana kumaze imyaka hagati y’ivyo bihugu bibiri ku kibazo ca Nikleyeli.

Kazoza k’ibirwanisho vya Nikleyeli vya Koreya ya ruguru ni kimwe mu bintu bikuru ivyo biganiro vy’amahoro bishimikirako.

Perezida Kim, yashitse ku butegetsi mu mwaka wa 2011, abaye umukuru w’igihugu wa mbere wa Koreya ya ruguru ahonyoje ikirenge kuri ico kibanza ca Panmunjom kiri ku rubibe bihana hahareze imyaka 65.

Uyu mubonano, utegura iyindi nama irindiriwe cane izohuza Perezida Kim Jong Un na perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG