Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro muri Mozambique yanse gufuta ivyavuye mu matora aherutse kuba muri ico gihugu nkuko umugambwe ukomeye mu yitavuga rumwe na Reta, Renamo uherutse kubisaba.
Iyo sentare yasiguye ko yanse ikirego c'uwo mugambwe kuko "uterekanye ivyemezo bihagije vya twa sorobo twibonekeje muri ayo matora."
Ingingo ya sentare ntahinyuzwa itumye intsinzi ya Perezida Filipe Nyusi yemezwa burundu. Ibiharuro vyatangajwe vyerekanye ko Nyusi yasubiye gutorwa kuyobora igihugu ku majwi 73 kw’ijana vy’abatoye. Mu gihe umukandida wa Renano Ossufo Momade yagumanye ibice 22 kw'ijana vy'amatora.
Renamo wagumanye intebe nyinshi mu nama nshingamateka aho ufise 74 kw’ijana vy’ibibanza biyigize.
Mu birego Renamo watanze ugisaga ko amatora asubirwamwo, wavuga ko yaranzwe n'ubusuma buvangitiranye n'amahinyu mu gikorwa co guharura amajwi. Renamo wagirije umurwi utegura amatora muri Mozambique ko wabujije bamwe mu ndorerezi n’abaserukira imigambwe itavuga rumwe na Reta guhagarikira ayo matora.
Ku ruhande rw'indorerezi mvamakungu zirimwo iza Bulaya na Amerika, bavuze ko amatora yaranzwe n'iterabwoba ku batavuga rumwe na Reta.
Facebook Forum