Uko wahagera

Ukuriye Indorerezi z'Amatora Muri Mozambique Yishwe


Anastácio Matavel, wari ukuriye indorerezi z'amatora muri Mozambique
Anastácio Matavel, wari ukuriye indorerezi z'amatora muri Mozambique

Umukuru w’indorerezi mu matora y’umukuru w’igihugu muri Mozambique yishwe arashwe n’abantu bataramenyekana. Ayo matora ategekanijwe mu ndwi iza.

Urunani Sala da Paz ruhurikiyemwo amashirahamwe adakiranira ivyicaro vya politike yiyemeje gukurikiranira hagufi ayo matora, rwatangaje ko Anastacio Matavele yarashwe insoro zitari nke ari mu muduga wiwe. Yariko atahuka ava mu mahugurwa mu ntara ya Gaza iri mu bumanuko bwa Mozambique.

Urwo runani rwemeza ko abagabo batatu bamurashe bahavuye bagira isanganya y’umuduga barimwo yahitanye umwe, ikomeretsa uyundi mu gihe uwa gatatu ataco yabaye, yaciye atabwa muri yompi.

Ababonye uko vyagenze babwiye urunani Sala da Paz ko abo bagabo batatu ari aba polisi bakorera mu gisata kijejwe kurwanya imigumuko. Imyidondoro yabo ntiremezwa yamara.

Imyiyamamazo y’amatora y’umukuru w’igihugu imaze ukwezi muri Mozambique yaranzwe n’uruhagarara rugwiriyemwo ihohoterwa rikorerwa abakandida batavuga rumwe na Reta kimwe n’abayoboke babo.

Umugambwe FRELIMO, Front de libération du Mozambique, uri ku butegetsi kuva Mozambique icikukira mu 1975, uhabwa amahirwe menshi yo kuzotahukana intsinzi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG