Uko wahagera

Mozambique: Urunani RENANO Rusaba ko Amatora Asubirwamwo


Abatavuga rumwe na Reta muri Mozambique basaba ko amatora y’umukuru w’igihugu yatunganijwe ku wa kabiri asubirwamwo.

Urunani RENANO ruhurikiyemwo imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi muri ico gihugu mw’itangazo rwasohoye rwagirije reta ko yaciye kubiri n’amasezerano y’amahoro mu gutera ubwoba abanyagihugu no mu kabahohotera.

Urwo runani ruvuga ko abatari bake mu banywanyi bwarwo batawe muri yompi rukemanga ko amatora yibwe.

Ibiharuro vy’imfatakibanza umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Mozambique umaze gushira ahabona vyerakana ko Perezida Filipe Nyusi ari ku butegetsi kuva mu 2015 aza imbere mu majwi.

Hagati aho, urunani RENANO rwavuze ko ikiziga c’uwurongoye abapfasoni bari muri urwo runani n’umugabo wiwe catowe ku wa gatanu mu ntara yitwa Tete iri mu burengerazuba bwa Mozambique biboneka ko bicishijwe amasasu. Bari baburiwe irengero buca amatora aba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG