Uko wahagera

Amakungu Yiyamirije Igandagurwa rya Matavel muri Mozambique


Anastácio Matavel
Anastácio Matavel

Mu gihugu ca Mozambique, igandagurwa ry’umutegetsi ajejwe kugenduza amatora ku mutumba ryabaye mu ndwi iheze ryiyamirijwe mu gihugu cose, hamwe no mu makungu. Ni inyuma y’aho igipolisi gitangarije ko abantu batari bake bikekwa ari bo bakoze ubwo bwicanyi bahagaritswe.

Anastacio Matavel yarashwe ku musi wa mbere mu gitondo, ariko aratahuka, avuye mu ntara ya Gaza, hariko hatangirwa inyigisho ku bajejwe kugenduza amatora.

Indorerezi z’amatora zarungitswe n’ishirahamwe rya Bulaya, hamwe n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu yarungitswe kugenduza ayo matora biyamirije ubwo bwicanyi.

Amatora y’umukuru w’igihugu muri Mozambique ategekanijwe kw’igenekerezo rya 15 ry’uku kwezi kw’icumi. Prezida Filipe Nyusi hamwe n’umugambwe wiwe, ariko arondera kwitoza mu kindi kiringo c’imyaka itanu.

Ayo matora agiye kuba haheze amezi abiri Nyusi hamwe n’umugambwe utavuga rumwe na reta yiwe, Renamo, bateye igikumu ku masezerano y’agahengwe.

Ayo masezerano afise umugambi wo guhagarika ingwano yasubiye kwaduka, inyuma y’imyaka 27, kuva iyo ngwano yamaze imyaka 15 igahitana ubuzima bw’abanyagihugu bashika umuliyoni irangiye

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG