Uko wahagera

Isirayeri Yongeye Kugaba Ibitero vy'Indege muri Gaza


Umwotsi w'ahagabwe igitero muri Gaza
Umwotsi w'ahagabwe igitero muri Gaza

Isirayeri yongeye kugaba ibitero vy'indege muri Gaza. Igisirikare ca Isirayeri catangaje ano makuru kivuga ko cateye imyobo ikoreshwa n’umurwi wa Hamas hamwe n’inzu za bamwe mu bagize uwo murwi. Ivyononekariye muri ivyo bitero yamara ntivyatangajwe.

Mu gihe impande zishamiranye zirahira zikarengwa ko ata n’umwe arota ahesha, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu Antony Blinken yasavye bagenzi biwe bo muri Misiri, Pakistani, Arabiya Sawudite n’Ubufaransa kuja hamwe bakaraba icokorwa kugira ukunyinyurana hagati ya Isirayeri na Gaza guhagarare.

Hambavu y’ubwo busabe bw’Amerika, bitegekanijwe ko ejo ku wa kabiri abashikiranganji b’imigenderanire y’ibihugu bigize umuryango w’ubumwe bwa buraya bakora inama yihutirwa kuri iki kibazo.

Ibitero hagati ya Isirayeri na Gaza vyatanguye ku wa mbere uheze bimaze guhitana abanyepalestina n’imiburiburi 197 barimwo abana 58 n’abapfasoni 34. Ku wa gatandatu, Misiri yarungitse rusehabaniha zitari nke zo gutora abarenga 1100 bari bakomeretse. Ku ruhande rwa Isirayeri abamaze gutangazwa ko bahitanywe n’ibi bitero bashika kuri 10.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG