Uko wahagera

Irani Yiyemeje Kugarukira Amasezerano ya Nikleyeri


Ibendera rya Irani
Ibendera rya Irani

Irani yiyemeje gushika ku masezerano n'ibihugu vy'ibihangange vyo kw'isi ku vyerekeye kugarukira amazezerano ya nucleaire yashitsweko mu mwaka w'i 2015 mu biganiro bitangura uno musi ku wa mbere i Vienne muri Otrishiya.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’ico gihugu, Said Khatibzadeh, avuga ko hamwe Reta zunze ubumwe za Amerika yoza ifise ukwiyemeza gukomeye ku vyerekeye kurengera ibibazo batumvikanyeko mu biganiro vy’imbere yaho, inzira yerekeye ibiganiro bishasha izokworoha kurushiriza.

Abaserukira Irani muri ivyo biganiro bayobowe n’icegera c’umushikiranganji ajejwe imigenderanire, Ali Bagheri barongerejwe bikomeye mu biganiro bishasha bitangura uno musi. Bitegekanijwe ko ibiganiro vyahagaze kuva mu kwezi kwa gatandatu bibandanya hagati ya Irani, Ubwongereza, Ubushinwa, Ubufransa, Ubudagi n’Uburusiya.

Reta Zunze ubumwe z’Amerika yaravuye mu mwaka w’i 2018 mu masezerano amakungu yagiranye na Irani. Hari ku ntwaro ya Prezida Donald Trump. Intumwa idasanzwe y’Amerika, Rob Malley, yatangaje ko inyifato ya Irani iterekana ko ibiganiro bitangura uno musi i Vienna bizogenda neza. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG