Uko wahagera

Irani mw'Itora rya Perezida Mushasha kuri uyu wa Gatanu


Abanywanyi b'umukandida, Abdolnasser Hemmati, mu matora ya perezida mu mabarabara y'i Teheran muri Irani, kw'itariki ya 15/06/2021.
Abanywanyi b'umukandida, Abdolnasser Hemmati, mu matora ya perezida mu mabarabara y'i Teheran muri Irani, kw'itariki ya 15/06/2021.

Abenegihugu ba Irani kuri uyu wa gatanu baritabira amatora bahitamwo perezida wabo mushasha azosubirira perezida Hassan Rouhani. Ariko ikumirwa ry’indorerezi mvamakungu ryatumye abasesenguzi bavuga ko ayo matora atitezwe kuba mu mwidegemvyo kandi ataho ahengamiye.

Abakandida bane ni bo basigaye mw’ihiganwa inyuma y’aho batatu bahisemwo kuyavamwo kuri uyu wa gatatu.

Uwuhabwa amahirwe yo gutsinda ni Ebrahim Raisi, w’imyaka 60, umukuru w’urwego rw’ubutungane. Kahise kiwe mu bikorwa vyo guhungabanya uburenganzira bwa kiremwa muntu ni kimwe mu bizotuma atumvikana n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi mu gihe yotahukana intsinzi, nkuko abasesenguzi muvya poritike bavuga.

Abakandida bose uko ari bane barashigikiye ibiganiro vyo kunagura amasezerano ya Nikleyeli Irani yasinye n’amakungu mu 2015, kandi mu gihe aya matora yorangira neza, hari icizere ku ruhande rw’intumwa za Irani ziri Vienne muri Otrishiya ko amasezerano ashobora kuzoshikwako.

VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG