Ikiziga c’umunyepolitike yahoze atavuga rumwe na reta ya Republika iharanira demokarasi ya Kongo, Etienne Tshisekedi, kuri uno wa kane catahukanywe mu gihugu ciwe c'amavuko.
Ni inyuma y'imyaka ibiri yari amaze ashengeye mu Bubirigi. Umuryango wiwe wakomeje kwagiriza ubutegetsi bwa Prezida yahoze ayoboye Congo, Joseph Kabila, ko ari bwo bwabujije ko nyakwigendera Etienne Tshisekedi atahukanwa gushingurwa mu gihugu ciwe bwanka ko hohava haba imyiyerekano.
Itegeko ry'uko ikiziga ca Etienne Tshisekedi gitahukanwa ryatanzwe n'umuhungu wiwe Felix Tshisekedi aramutswa Congo muri kino gihe. Bitegekanijwe ko azoca ashinguranwa iteka ku wa gatandatu.
Etienne Tshisekedi yamenyekanye nk'umunyepolitike atigeze avuga rumwe na Reta zose zakurikiye ukwikukira kwa Congo. Akatari gake yaragerageje kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu ariko ntivyakunze. Yarigeze ariko kuba umushikiranganji wa mbere wa Congo ku ncuro zitatu.
Facebook Forum