Uko wahagera

Ikiziga ca Etienne Tshisekedi Kiratahukanwa muri Kongo uku Kwezi


Umunywanyi wa Etienne Tshisekedi arira afise ifoto yiwe, igihe umuhungu wiwe Félix Tshisekedi atangarijwe ko yatsinze amatora. Kinshasa, itariki 10/01/2019.
Umunywanyi wa Etienne Tshisekedi arira afise ifoto yiwe, igihe umuhungu wiwe Félix Tshisekedi atangarijwe ko yatsinze amatora. Kinshasa, itariki 10/01/2019.

Ikiziga c’umunyepolitike yigeze kuba atavuga rumwe n’ubutegetsi akongera akaba na se wa Perezida mushasha wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo gitegekanywa gutahukanywa kivanywe mu Bubiligi aho yapfiriye, nkuko vyashikirijwe n’abo mu muryango wiwe ejo kuwa kabiri.

Etienne Tshisekedi, yitezwe gutahukanwa mu ndwi iza kugira apfubanwe iteka mu gihugu c’amavukiro.

Yapfiriye mu Bubiligi mu kwezi kwa kabiri 2017 afise imyaka 84 y’amavuko, ariko ikiziga ciwe cagumijwe mu murwa mukuru w’Ububiligi kubw’uruhagarara rwa politike rwari ku ntwaro ya Joseph Kabila.

Umuryango wiwe ushikiriza ko ikiziga ca Etienne Tshisekedi kizoshikanwa muri Kongo kw’igenekerezo rya 30 z’ukwezi kwa gatanu, abone gupfubwanwa iteka kw’igenekerezo rya 1 ukwezi kwa gatandatu, nkuko uwo muryango wavyiganiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG