Uko wahagera

Gutahana Ikiziga ca Tshisekedi Vyigijweyo


Gutahukana ikiziga ca Etienne Tshisekedi umunyepolitike akomeye atavuga rumwe na Reta muri Republika iharanira demokrasi ya Congo, yitavye Imana mu kwezi kwa kabiri i Bruxelles, vyasubiye kwigizwayo.

Ivyo vyatangajwe n’umugambwe wiwe UPDS uno musi ku wa gatatu.

Vyari bitegekanijwe kw’ikiziga ciwe gitahukanwa kw’italiki 12 z’ukwezi kwa gatanu.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe UPDS, Jean-Marc Kabund amenyesha ko bafashe ingingo y’ukwigizayo italiki y’ugutahukana ikiziga ca Tshisekedi kw’italiki izomemyeshwa inyuma yaho.

Igipolisi carakikuje ku musi wa kabiri, icicaro c’umugambwe UPDS. Bagirije abanywanyi b’uwo mugambwe ko bateye ibibanza vyaco ku murwa mukuru, Kinshasa.

Urupfu rwa Tshisekedi rwabaye mu gihe hariko haba ibiganiro vy’ujgushira mu ngiro amasezerano agenewe gusangira ubutegetsi yateweko igikumu kw’italiki 31 z’ukwezi kw’icumi na kabiri mu amwaka uheze hagati ya Reta n’abatavuga rumwe nayo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG