Uko wahagera

Felicien Kabuga Azoburanishirizwa i La Haye mu Buholande


Amafoto ya Felicien Kabuga
Amafoto ya Felicien Kabuga

Felicien Kabuga, umunyarwanda akurikiranwa ku vyaha vy’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu Rwanda mu 19994 azoburanishirizwa i La Haye mu Buholande. Ni ingingo yafashwe n’umucamanza yahawe gukurikirana urwo rubanza, i Arusha muri Tanzaniya kuri uyu wa gatatu. Mu ngingo yiwe, Ijwi ry'Amerika rifitiye ikopi, uwo mucamanza asigura ko amagara ya Felicien Kabuga atomukundira ko arungikwa i Arusha muri sentare ya ONU kuburanshirizwayo.

N’Abunganira Kabuga baheruka gusaba ko uwo bunganira atorungikwa i Arusha. Umucamanza w’Urwego MICT rwasubiriye Sentare Mpuzamakungu zirimwo TPIR yari yari ishinzwe kuburanisha abagrizwa ivyaha vy’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi muri 1994 mu Rwanda, yafashe ingingo ko Kabuga Félicien arungikwa gufungirwa mw’ibohero riri i La Haye mu Buholandi, aho kujanwa i Arusha muri Tanzaniya.

Gushika ubu itakiki azorungukirwako i La Haye hamwe n’iy'urubanza rwiwe ruzotangurirako ntiziramenyekana, gusa umucanza afise urubanza rwiwe yavuze ko ari vuba kandi ko n’izo ngingo ziri mu vyerekeye dosiye y’urubanza rwa Felicien Kabuga. Umuryango IBUKA uharanira inyungu z’abarokotse ihonyabwoko ryakorewe abatutsi, Felicien Kabuga akekwa kuba yaragizemwo uruhara, wowo wifuza ko aburanishirizwa mu Rwanda.

Yamara abunganira umutama Kabuga baheruka gusaba ko yoburanira muri ico gihugu c’Ubuholande kubera impamvu zifatiye ku buzima bwiwe butameze neza. Me Emmanuel Altit, umwe muri bo, yandikiye Umucamanza Carmel Agius atwara sentare ya ONU iri i Arusha muri Tanzaniya asaba ko uyu mukambwe yoburanira mu Buholandi. Yasiguye ko muri Tanzaniya ata ngingo zikomeye zashizweho zo kwirinda ikiza c’umugera wa Corona, bikaba vyobangamira ubuzima bw’uwo musaza ageze mu za bukuru. Basigura kandi ko Kabuga atoshobora gufungirwa i Arusha kubera ingwara zibangamiye amagara yiwe.

Abo banyamategeko bamenyesha ko muri izo ngwara harimwo diabete, umuvuduko w’amaraso ndetse n’ingwara yo mu bwonko ituma yibagira n’ingoga. Ikindi kandi bari bavuze ko kumujana I Arusha ari ukurenga uburenganzira bwiwe bwo kuba hafi y’umuryango wiwe. Bavuga kandi ko ingingo yo kumureka akaburanira mu bihugu vya Bulaya yonafasha sentare n’abacamanza gutegura neza urubanza mu mizi.

Ico bikoze, sentare iri i Arusha yari imaze gutangura imyiteguro kugira mu kiringo kitarenga ukwezi kumwe, uru rubanza ruzobe rwamaze gutangura kuburanishwa. Haheruka gushirwaho abacamanza batatu bazoburanisha Felicien Kabuga, barimwo Umwongereza, Umunya-Uruguay, n’Umuganda.

I Arusha muri Tanzania hasanzwe hariyo n’abandi bahoze ari abashikiranganji canke abakuru mu gisirikare ca kera c’u Rwanda, bagirizwa ivyaha vy’ihonyabwoko ryakorewe abatutsi muri 1994. Hari n’abarekuwe canke bagizwe abere na sentare ariko bakiri i Arusha kuko ibihugu vya Bulaya birimwo imiryango y’abo vyanse kubakira, na bo bakanka gusubira mu gihugu c’abo. Abo bagera kw’10, ubu batunzwe na ONU i Arusha.

Kabuga Félicien, umutama w’imyaka 87 nk’uko yabibwiye sentare aheruka gufatirwa i Paris mu Bufaransa, mu kwezi kwa 5 guheze, ari na ho gushika ubu afungiwe. Aregwa ivyaha vya Jenoside yakorewe Abatutsi, kuba ari we yatanze uburyo bwose bwakoreshejwe. Yafashwe amaze imyaka irenga 25 aronderwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG