Uko wahagera

USA Iriteguye Kuvugurura Imigenderanire na Reta Nshasha mu Burundi


Inyubakwa y'ubushikiranganji bwa USA bujejwe imigenderanire n'amakungu, i Washington DC
Inyubakwa y'ubushikiranganji bwa USA bujejwe imigenderanire n'amakungu, i Washington DC

Igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika gishikiriza ko gitewe intege n’amakuru kironka ava mu buserukizi bwaco mu Burundi ajanye n’amatora yabaye ku musi wa gatatu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kane, Tibor P. Nagy, Jr Icegera c’umunyamabanga mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika mu gisata kijejwe Afurika, arashima ko iki kiringo c’aya matora kitabayemwo gusesa amaraso ugereranije no mu 2015.

Ariko avuga ko Amerika igiye gukurikiranira hafi uko bigiye kuzogenda mu nyuma mu gihe ibizoyavamwo vy’agateganyo bizotangazwa nkuko bitegekanijwe ku munsi wa kabiri.

Ahamagarira abahiganwa kutaja mu bwicanyi mu gihe batokwemera ibizoyavamwo ariko nyabuna bagakurikiza ingendo zibereye zitegekanijwe n’ibihe vy’amatora.

Amerika ishikiriza ko mu gihe hazogaragara reta nshasha izoba ivuye muri ayo matora, hazokwihweza kandi ingene imigenderanire hagati y’Uburundi na Amerika yovugururwa. Nagy yavuze ko muri Kahise Amerika yigeze kuba ifitaniye imigenderanire myiza n’Uburundi ko atacobuza ko ivyo bihe bigaruka.

Ku vyerekeye u Rwanda, uwo mutegetsi arashimira reta y’Ubufaransa, kw’ifatwa mu mpera z’indwi iheze rya Felicien Kabuga, yagirizwa kuba yaragize uruhara mw’ihonyabwoko ryabaye mu Rwanda mu 1994.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG