Uko wahagera

Amerika Irateganya Gukura Abasirikali Bayo muri Afuganistani


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu, Anthony Blinken
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu, Anthony Blinken

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Amerika n'ayandi makungu, Antony Blinken, kuri uno wa kane yakoze urugendo rutatangajwe muri Afuganistani. Ni urugendo yavuze ko rwari rugamije gusigurira abategetsi b’ico gihugu umugambi wa Prezida Joe Biden wo gutahukana abasirikare bose b’Amerika bagiye kugarukana amahoro muri Afuganistani, no guhumuriza abanyagihugu muri rusangi ko ibi atari ukubatererana, kandi ko bidasiguye ko ubucuti bw’Amerika na Afuganistani buhereye aha.

Mu mubonano Blinken yagiranye na Prezida Ashraf Ghani, yamubwiye ati: “Reta zunze ubumwe z’Amerika zizobandanya zishigikira Afuganistani. Ni umukenyuro gusa uhindutse ariko ugushigikirana ko kuzobandanya ntaho kuzoja.” Prezida Ashraf Ghani nawe yamwishuye ati: “Turubaha ingingo yanyu, natwe tugiye kuraba ivyo twokwihutira gukora kugira twitunganye gushasha”. Muri uwo mubonano wabereye mu ngoro y’umukuru w’igihugu I Kabul, Prezida wa Afuganistani yashimiye Amerika ku bwitange bw’abasirikare bayo.

Antony Blinken yagiranye kandi imibonano na bamwe mu bagize amashirahamwe yigenga muri ico gihugu hamwe n’icegera ca Prezida, Abdullah Abdullah, yabwiye ko Amerika na Afugnasitani vyinjiye mu mateka mashasha ariko bategerezwa kwandikira hamwe.

Antony Blinken yagiye muri Afuganistani avuye mu Bubirigi aho we n’umushikiranganji wo kwivuna abansi w'Amerika, Lloyf Austin bari bari mu nama y’ishirahamwe rijejwe kugwaniriza hamwe umwansi, OTAN. Uwutwara iryo shirahamwe rigizwe ahanini n’ibihugu bitunze muri iyo nama, nawe yavuze ko abasirikare baryegukira bagiye gutahukanwa bavanwa muri Afugnaistani.

Mu vyo Amerika na OTAN bishimira ko bashitseko mu myaka bari bamaze muri Afugansitani, harimwo “Ukuzimanganya umuhari w’intagondwa za Al-Qaida watangujwe na Osama bin Laden, no kuba baratujije muri ico gihugu iyindi mihari yoshobora gukora ibitero bisa nk’ivyo Al-Qaida yakoze muri Amerika igenekerezo rya cenda ukwezi kwa cumi na rimwe mu 2001”

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’abashingamateka bamwe bamwe ba Reta zunze ubumwe z’Amerika, basanga yamara ugutahukana izo nteko bizotuma intambwe Afuganistani yari yarateye kuva abatalibani bavanwa ku butegetsi mu 2001 isubira inyuma.

Mu gihe ibanki y’isi ivuga ko Afuganistani iri mu bihugu vya mbere bigoye kubamwo bivuye ku bukene buhavugwa, umutekano muke, ibiturire, ukudaha agaciro umupfasoni n’ibindi, abanyafugansitani batari bake basanga ibi bizokwunyuka igihe intengo z’Amerika zizoba zimaze kuhavana akarenge.

Bitegekanijwe ko abasirikare b’Amerika 2500 basigaye muri Afugansitani batahukanwa imbere y’igenekerezo rya 11 z’ukwezi kw’icenda uno mwaka. OTAN naho ata sango ntabanduka iratanga, yemeza ko abasirikare bandi batari abanyamerika bagera ku 7000 nabo nyene bazovanwayo mu mezi ari imbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG