Uko wahagera

Abasirikare Bazakurwa muri Afuganistani mu kwa Cenda 2021


Abasirikare b'Amerika muri Afuganisitani
Abasirikare b'Amerika muri Afuganisitani

Bitegekanijwe ko Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, avuga uno musi ku wa gatatu ku ngingo yiwe yo gukura inteko zose z'igihugu ciwe muri Afuganitani kw'itariki 11 y'ukwezi kw'icenda, umusi wo kwibuka imyaka 20 irangiye habaye ibitero vy'iterabwoba muri Amerika.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Amerika, Anthony Blinken, ari i Buruseli mu gihugu c’Ububiligi uno musi ku wa gatatu yatangaje ko Prezida Biden yiyemeje ku vy’uko inzira yo gukorera inyungu za Amerika ari ukurangiza ingwano muri Afuganistani. Blinken ari mu nama yo kuganira n’ibihugu bicuditse na Amerika vyo mw’ishirahamwe OTAN ku migambi y’ugukura inteko za Amerika muri Afuganistani.

Umushikiranganji Blinken yamenyesheje ko Amerika ibandanya kwiyemeza ku vyerekeye kazoza k’ico gihugu. Avuga ko bari hamwe bashitse ku migambi bari bishinze, ko igihe kigeze ko inteko za Amerika zatahuka.

Ingingo ya Prezida Biden izogumiza inteko 3,000 muri Afuganistani inyuma y’itariki ntarengwako ya mbere y’ukwezi kwa gatanu yari yumvikanyweko mu masezerano yari yaganiwe i Washington mu mwaka uheze n’abatalibani igihe Donald Trump yari prezida.

Umushikirangani ajejwe imigenderanire wa Amerika, Anthony Blinken, yanavuze ko bari bazi ko inguvu za gisirikare zitari gutorera inyishu ibibazo vya politike biri muri Afuganistani, kandi ko zitari kurangiza intambara iri mu gihugu.

Yamenyesheje ko bahagaritse ibikorwa vya gisirikare kugira bashimikire utwigoro twabo ku vyerekeye gushigikira umugambi w’amahoro ubandanya mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG