Uko wahagera

USA: Abasirikare Bari muri Afuganistani Bazotahuka Itariki 11 y'Ukwezi kw'Icenda


John Jacoby, umusirikare yatahutse avuye muri Afuganistani ariko aramukanya n'umukunzi wiwe Emiliee Chance

Abasirikare bose ba Reta zunze ubumwe za Amerika bari muri Afuganistani bazokurwayo kw’itariki ya 11 y’ukwezi kw’icenda. Ni igihe Amerika izoba yibuka imyaka 20 iheze habaye ibitero vy’iterabwoba i New York no ku cicaro c’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, mu gisagara ca Arlington, mu micungararo ya Washington DC. Ibi vyatangajwe n’umutegetsi wo muri reta kuri uyu wa kabiri.

Uwo mutegetsi yavuze ko Perezida Joe Biden agiye gushikiriza kuri uyu wa gatatu ko inzira nziza yo gukingira inyungu za Amerika ari ukurangiza intambara imaze imyaka 20 muri Afuganistani.

Umuvugizi wa perezidanse ya Amerika, Jen Psaki, yavuze ko Biden abona ko ata nyishu ya gisirikare ku ntambara muri Afuganistani, avuga ko kuri uyu wa gatatu perezida atanga umuco w’ingene abo basirikare bazovayo.

Iyi ngingo ya Perezida Biden izogumiza abasirikare 3 000 ba Amerika ku butaka bwa Afuganistani inyuma y’itariki ya 1 y’ukwezi kwa gatanu, itariki yari yarumvikanyweko hagati ya Amerika n’Abatalibani mu mwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG