Uko wahagera

Amerika Isanga Gukura Abasirikare Bayo muri Afuganistani Bizogorana


Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika Joe Biden muri ari muri Afuganistani
Perezida wa Reta Zunze Ubumwe z'Amerika Joe Biden muri ari muri Afuganistani

Prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden, avuga ko gukura inteko za Amerika muri Afuganistani kw'italiki ya mbere y'ukwezi kwa gatanu kw'uyu mwaka bitazokworoha.

Iyi ni ingingo yafashwe hisunzwe amasezerano yapfunditswe hagati y’uwahoze ari prezida wa Amerika, Donald Trump, n’Abatalibani. Prezida Biden yamenyesheje ko ariko avugana n’ibihugu bicuditse na Amerika ku vyerekeye gukura inteko muri Afuganistani.

Mu kiganiro yagiranye n’umumenyeshamakuru, George Stephanopoulos wa Televiziyo ABC, yasiguye ko kwuhabiriza italiki ntarengwa ya mbere y’ukwezi kwa gatanu ari ibintu bishoboka, yamara kitazoba igikorwa coroshe.

Amenyesha ko hamwe iyo taliki yokwigizwayo, bitofata igihe kirekire cane. Prezida Biden, co kimwe n’uwo yasubiriye, Donald Trump, yemeye kurangiza ingwano imaze hafi y’imyaka 20 muri Afuganistani, agatahukana inteko za Amerika ziranga 2,500 ziri muri ico gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG