Uko wahagera

Abatalibani Basaba Amerika Kuzokura Abasirikare muri Afuganistani


Perezida wa Reta zunze ubumwe z'Amerika Joe Biden hamwe n'umukuru w'Abatalibani, Mullah Abdul Ghani Baradar

Abatalibani kuri uyu wa kabiri, basavye reta ya perezida Joe Biden kutadohoka ku masezerano y’amahoro yo mu 2020 yo gutahukana inteko za Amerika na OTAN, kugira intambara muri Afuganistani irangire burundu.

Umukuru yaserukiye uwo muhari mu biganiro vy’amahoro, Mullah Abdul Ghani Baradar, yandikiye urwandiko rwuguruye abanyamerika, abasaba kuremera reta yabo kugira ntidohoke kuvyo yiyemeje muri ayo masezerano yapfundikiwe i Doha muri Qatar mu mwaka uheze.

Ayo masezerano asaba abasirikare bose ba Amerika hamwe n’aba OTAN ndetse n’abandi bantu bose bafise uruhara muri iyo ntambara kuva muri Afuganistani mu kwezi kwa gatanu.

Reta ya Biden, ubu iriko irihweza neza nimba Abatalibani bariko barubahiriza ivyo biyemeje imbere yo gukurayo abasirikare bayo 2 500 basigaye muri Afuganistani no kurangiza iyo ntambara Amerika imazemwo imyaka myinshi.

Ku musi wa mbere, umunyamabanga mukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, yarashikirije amakenga ko Abatalibani ata bushake bafise bwo kurangiza iyo ntambara mu mahoro. Stoltenberg yavuze ko iryo shirahamwe ritazokurayo abasirikare baryo imbere y’uko igihe gikwiye gishika. Asaba Abatalibani gukora ibirenze kugira uwo mugambi uje mu ngiro. Abasirikare 10 000 b’abanyamahanga ni bo basigaye muri Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG