Uko wahagera

Amerika Iracabangiriye Gukura Abasirikare muri Afuganistani


Abasirikare ba Reta zunze ubumwe za Amerika muri Afuganistani
Abasirikare ba Reta zunze ubumwe za Amerika muri Afuganistani

Reta zunze ubumwe za Amerika ivuga ata cemezo irafata ku basirikare bayo bari muri Afuganistani, inyuma y’itariki ya 1 y’ukwezi kwa gatanu. Ni itariki ya nyuma abo basirikare 2 500 basigayeyo babwirizwa kuzova muri ico gihugu, nkuko biri mu masezerano y’amahoro Amerika yasinye n’Abatalibani.

Ibi bivuzwe inyuma y’aho umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Antony Blinken, arungikiye urwete perezida wa Afuganistani, Ashraf Ghani. Yaramugabishije ko reta ga Ghani ari yo izosigara irahangana n’Abatalibani igihe atokwisunga ibisabwa n’amakungu kugira utwigoro tw’amahoro twihutishwe gushirwa mu ngiro.

Ubushikiranganji bwa Amerika bwo kwivuna abansi kuri uyu wa mbere bwemeye ko ukwihweza amasezerano hagati ya Amerika n’Abatalibani vyabaye birahagaze kandi ko ata ngingo ya kazoza k’abo basirikare muri Afuganistani ishobora gufatwa iki gihe.

Ibiganiro vy’amahoro hagati ya reta ya Afuganistani n’Abatalibani bisa n’ivyahagaze mu gihe reta ya perezida Joe Biden icihweza umuti nyawo kuri Afuganistani, harimwo no kuvanayo abasirikare.

Amerika yipfuza ko haba ugusabikanya ubutegetsi hagati ya reta ya Afuganistani n’Abatalibani kugira ntihagire intambara zongera kwaduka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG