Uko wahagera

Biden: Nta Mpamvu yo Kugumiza Abasirikare muri Afuganistani


Perezida Joe Biden
Perezida Joe Biden

Perezida Joe Biden yabwiye abanyamerika kuri uyu wa gatatu ko azokura abasirikare bose ba Amerika muri Afuganistani hatarenze itariki ya 11 y’ukwezi kw’icenda. Yavuze ko ata nsinguro yo kubagumizayo ibinyecumi bibiri vy’imyaka, inyuma y’ibitero vy’iterabwoba i New York no ku bushikiranganji bwo kwivuna abansi.

Uwo mutegetsi wa Amerika yavuze ko abaye umuperezida agira kane atwaye Amerika abo basirikare bari muri Afuganistani, ko yiyemeje kudasigira uwo mutwaro umuperezida wa gatanu.

Perezida Biden yavuze ko iyi ngingo ayifashe ar’uko yabanje kuganira n’ibihugu bicuditse na Amerika, abategetsi ba gisirikare, abahinga mw’iperereza, abadiplomate, abahinga muvy’iterambere, hamwe na Congress ya Amerika, n’icegera ciwe, Kamala Harris.

Yavuze ko Amerika izobandanya utwigoro twa kidipolomasiya hamwe no gutanga imfashanyo hatibagiwe kubandanya gushigikira reta ya Afuganistani.

Ariko Abatalibani kuri uyu wa gatatu bavuze ko bipfuza ko inteko zose mvamakungu ziva muri Afuganistani kw’itariki yumvikanyweko mu masezerano yabereye i Doha muri Qatar.

Aya makuru yo gukura abo basirikare inyuma y’iyo tariki yatumye Abatalibani bahagarika kuzokwitabira ibiganiro vy’amahoro vy’imisi 10 hagati y’impande ziri mu ntambara mu mpera z’uku kwezi muri Turukiya.

Abasenateri b’igihagararo mu mugambwe w’abarepublikani bo baramirira kure iyo ngingo ya Perezida Biden.

Umukuru w’abasenateri b’abarepublikani, Mitch McConnell, avuga ko guheba kurwana muri Afuganistani ari ikosha rikomeye.

Ishirahamwe ry’ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyishize hamwe mu kurwaniriza umwansi hamwe, OTAN ryavuze ko naryo rizokura abasirikare baryo bose muri Afuganistani, inyuma y’aho Amerika nayo ishikirije ivyo nyene.

Umukuru wa OTAN, Jens Stoltenberg, yabitangaje kuri uyu wa gatatu, ko bazokurayo abasirikare 7 000 babo, inyuma y’umubonano yagiranye n’umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika ajejwe imigenderanire, Anthony Blinken, n’uwo kwivuna abansi, Lloyd Austin.

Stoltenberg yavuze ko bazotangura gukurayo abasirikare babo kuva kw’itariki 1 y’ukwezi kwa gatanu, kandi ico gikorwa kizoba carangiye mu mezi make.

Amerika na OTAN bavuze ko kuvanayo abasirikare bidasigura guheba Afuganistani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG