Uko wahagera

Amerika Igabisha ko Abihevyi Bashobora Gutera Kenya

update

Imodoka ziriko zirarurumba inyuma y'igitero Al-shabab yagavye i Nairobi igenekerezo rya 15 ukwezi kwa mbere

Ubuserukizi bwa Amerika muri Kenya bugabisha ko abihevyi bashobora kwongera kugaba ibitero muri ico gihugu.

Mu itangazo ambasade ya Amerika muri Kenya yasohoye ivuga ko uturere dushobora guterwa ari umurwa mukuru Nairobi, Naivasha, igisagara ca Nanyuki kiri mu ntara ya Rift Valley n’uturere dutumbereye hafi y’imbibe za Kenya n’ibindi bihugu bibanyi.

Ambasade ya Amerika i Nairobi ivuga ko amakuru yo kwizera ifise yemeza ko ivyo bitero vy’abihevyi bishobora kugabwa ahari inyungu z’ibihugu vya rutura mu butunzi nka Amerika, Australiya, Canada, ibiri mu muryango w’ubumwe bwa Buraya na Isirayeri nkuko iryo tangazo ribadanya ribitomora.​

Abanyagihugu baba muri Kenya bahanurwa kwama barikanuye na cane cane igihe cose bari mu bibanza bihuriramwo abantu benshi nk’amasoko, amaduka manini « Mall », amahoteri, n'ahahurira abantu basenga.

Amerika igabishije ko Kenya ishobora guterwa inyuma y'indwi zitatu umurwi w’iterabwoba, Al-shabab, ugavye igitero ku ihoteri yitwa Dusit iherereye ku murwa mukuru i Nairobi. Ico gitero cahitanye abantu 21.

Al-shabab yigamvye ico gitero co ku itariki ya 15 ukwezi kwa mbere ivuga ko yagikoze yihora ingingo ya Perezida wa Amerika Donald Trump yo kwimurira ambasade ya Amerika muri Isirayeri i Yerusalemu ayikuye i Tel Aviv.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakuru w'Ijwi ry'Amerika i Nairobi muri Kenya Eloge Willy Kaneza

Ni utwahe turere dushobora guterwa?
please wait

No media source currently available

0:00 0:03:28 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG