Uko wahagera

Yeruzalemu Yoba Igiye Kuba Umurwa Mukuru wa Isirayeri ?


Igisagara ca Yeruzalemu
Igisagara ca Yeruzalemu

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump, ariteguriye gutangaza umwanya n'umwanya ko Amerika izokwemera igisagara ca Yeruzalemu nk’umurwa mukuru wa Isirayeli .

Bitegekanijwe ko ubuserukizi bwa Amerika muri ico gihugu buca bwimurirwa i Yeruzalemu buvanywe aho bwahora Tel Aviv.

Ntaco umushikiranganji wa mbere wa Isirayeri Benjamin Netanyahu, arashikiriza kuri iyo ngingo ya Trump. Yamara, Papa Francis yavuze ko ari ingingo imuteye impungenge nyinshi. Ni mugihe Igihugu ca Turkiya casavye inama y’ishirahamwe ry’ugufashanya hagati y’ibihugu vy’abayislamu kwiyunvirira hamwe umuti kuri ico kibazo.

Ibihugu vy’abarabu n’ibihugu vy’abayislamu vyagabishije kw’ingingo iyariyo yose y’ukwimurira ambasade ya Amerika mu gisagara ca Yeruzalemu ishobora gutuma haduka umudugararo mu karere. Iyo ngingo kandi ishobora kugeramira bikomeye utwigoro twa Amerika tw’ugushika mu masezerano hagati y’abarabu na Isirayeri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG