Reta Zunze Ubumwe za Amerika zirabandanya gukorana no gufashanya na reta ya Kenya inyuma y’aho igitero kibereye kuri hoteli Dusit II I Nairobi.
Mw’itangazo ryanditse, ambasade y’Amerika muri Kenya ivuga ko igihugu ke nta makuru cari gifise yerekeye ico gitero imbere y’uko kiba, nk’uko amakuru atangazwa mu bibanza bitandukanye vyandikirwako amakuru, abivuga. Vyongeye, Amerika ntiyigeze ihanura Abanyamerika ngo ntibagendere mu kibanza catewe.
Ambasaderi aserukira Amerika mu gihugu ca Kenya, Robert F. Godee, yagize ati:” Turanebaguye amakuru y’ibinyoma ariko aratangazwa, ata kindi kintu agira atari ukubangamira utwigoro two gutuza iterabwoba. Yagize ati turasubiye guhoza imiryango y’abaguye hamwe n’abakomerekeye muri ico gitero kandi turifatanije n’igihugu ca Kenya.