Uko wahagera

Igitero cya al-Shabab i Nairobi Caguyemo Abantu 11


Ihoteri Dusit, D2 mu gisagara ca Nairobi muri Kenya

Abantu bitwaje ibirwanisho bagize igitero kw’ihoteri yitwa Dusit D2 Hotel ku murwa mukuru w’igihugu ca Kenya, Nairobi. Abategetsi bavuga ko cahitanye abantu 11. Uwi mubare urashobora kwiyongera. Igitero kuri iyo hoteri catanguye hafi y’isaha icenda n’igice zo ku mutaga mu masaha y’i Nairobi uno musi ku wa kabiri. Ababonye ivyabaye bavuga ko bumvise bombe iturika n’amasasi y’urutavanako yasana.

Ibinyamakuru, amaradiyo na televiziyo vy’igihugu ca Kenya vyatangaje ko abantu batari bake bishwe muri ico gitero. Yamara abategetsi ntibaremeza ayo makuru. Umurwi w’iterabwoba ukorera muri Somaliya, al-Shabab, wiyitiriye ico gitero.

Duran Farah yahoze ayoboye komite y’inkino za Olempike ya Somaliya yabwiye Ijwi rya Amerika, Servisi y’Igisomali, ko we na bagenzi we bari binjiye mw’ihoteri Dusit D2 Hotel igihe ico gitero caba. Avuga ko yabonye abantu batari bake bakomeretse.

Umuvugizi wa Reta ya Kenya, Eric Kiraithe, yabwiye Ijwi rya Amerika ko inteko zijejwe umutekano ziriko zigerageza gutuza abakoze igitero kuri iyo ihoteri. Yamenyesheje ko itohoza ry’ukumenya niba ari igitero c’terabwoba canke atari co ririko riraba.

Amasanamu y’itororokanirizo ry’amakuru ry’abanyamerika, Associated Press, yerekanye imodoka ziriko zirasha hanze y’iyo hoteri n’abantu bariko bavanwa mu kibanza iyo hoteri irimwo. Abasirikare bafise inkoho babonywe bariko binjira mu kibanza ico gitero cabereyemwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG