Uko wahagera

Abapolisi batanu bishwe kur’uyu musi kane muri Kenya bahitanywe na bombe yari yatezwe imodoka barimwo ku nkengera z’ibarabara riri mu buseruko, inyuma y’iyindi mitego ibiri isa n’iyo yahitanye abapolisi umunani mur’ako karere nyene. Ayo makuru yatangajwe n’abajejwe umutekano muri Kenya.

Abo basirikare bishwe bariko baja gufasha bagenzi babo mu gisagara ca Liboi, gihana urubibe na Somaliya, nkuko vyashikirijwe n’uwujejwe gutunganya ibikorwa vya gisirikare mu ntara yo mu buraruko bushira ubuseruko, Mohamud Ali Saleh.

Ico gitero cabereye mu mihana ya Garissa, hagati y’ibisagara vya Malelei na Kulan, nkuko vyashikirijwe n’umuryango utabara imbarare wa Croix-Rouge.

Abarwanyi ba al shabab nibo baciyitiriye co kimwe n’ibindi vyabaye kur’uyu wa gatatu.

Kuva aho abasirikare ba Kenya batanguriye kurwanya al shabab mu mwaka wa 2011, igihugu ca Kenya caragabwemwo ibitero bitari bike nk’icabereye ku kigo c’ubucuruzi citwa Westgate I Nairobi cahitanye 67 mu kwezi kw’icenda 2013 no kuri kaminuza ya Garissa mu kwezi kwa kane 2015 chitanye abashika 148.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG