Uko wahagera

Abashika 15 Barishwe mu Gitero c'Iterabwoba i Nairobi


Abatabara hamwe n'abamenyeshamakuru bariko barafasha umuntu yakomeretse mu gitero c'iterabwoba i Nairobi. Italiki 15/01/2019
Abatabara hamwe n'abamenyeshamakuru bariko barafasha umuntu yakomeretse mu gitero c'iterabwoba i Nairobi. Italiki 15/01/2019

Umuhari w’iterabwoba al-Shabab uremanga ko ariwo uri inyuma y’igitero c’iterabwoba co ku munsi wa kabiri kw’ihoteli ifatanye n’amazu y’ibiro i Nairobi, muri Kenya.

Igiporisi gitangaza ko abantu bashika 15 bishwe hamwe n’igitigiri c'abakomeretse kitaramenyekana. Hari amakuru avuga ko umunyamerika hamwe n’Umwongereza bari mu bishwe.

Umushikiranganji wa Kenya ajejwe intwaro mu gihugu hagati, Fred Matiang'i ashikiriza ko igihugu gitekanye kandi ibintu vyasubijwe mu buryo.

Ico gitero kw’ihoterli DusitD2 catanguye ku muhingamo, humvikanye igisasu caturitse hanze ya banki hamwe n’ibindi vyakurikiye mw’ihoteli.

Al-Shabab waragavye ibindi bitero muri Kenya, harimwo ico mu kwezi kw’icenda 2013 mu kibanza kirimwo amaduka menshi i Nairobi citwa Westgate Mall, ahasize ubuzima abantu 67.



Facebook Forum

XS
SM
MD
LG