Uko wahagera

Amasezerano y’Ubudandaji Hagati y'Ubumwe bwa Buraya n'Ubwongereza


Umukuru w'Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya Ursula von der Leyen
Umukuru w'Umuryango w'Ubumwe bwa Buraya Ursula von der Leyen

Ibihugu bigize umuryango w'Ubumwe bwa Buraya vyashigikiye ingingo zose ziri mu masezerano y’ubudandaji n'igihugu c'Ubwongereza y'inyuma y’aho kiviriye muri uyo muryango.

Ivyo bihugu uko ari 27 vyashigikiye ayo masezerano yapfunditswe inyuma y’amezi atari make y’ibiganiro. Uno musi ku wa mbere abaserukira ibihugu 27 bisigaye mu muryango w’Ubumwe bw’Uburaya bemeje amasezerano mu vy’ubudandaji n’igihugu c’Ubwongereza inyuma y’uko kiwuvuyemwo mu matora yahagarikiwe n’umutegetsi mukuru ajejwe ibiganiro w’uwo muryango, Michel Barnier.

Ayo masezeranso azotangura kuja mu ngiro kw’italiki ya mbere y’ukwezi kwa mbere mu mwaka buca utangura w’i 2021. Azoshobora gukwirikizwa vy’agateganyo naho ataremezwa n’inama nshingamateka y’umuryango w’ubumwe bw’Uburaya. Bitegekanijwe ko urwo rwego ruyemeza mu mpera z’ukwezi kwa kabiri kw’umwaka utaha.

Ayo masezerano ntaremezwa kandi n’abashingamateka mu gihugu c’Ubwongereza. Bitegekanijwe ko abashingamateka bayemeza ku musi wa gatatu w’iyi ndwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG