Uko wahagera

Ubumwe bwa Bulaya Bwongereje Ikindi Kiringo ca Brexit


Abagize umuryango w'ubumwe bwa Bulaya mu nama ku kibazo ca Brexit, i Buruseli.
Abagize umuryango w'ubumwe bwa Bulaya mu nama ku kibazo ca Brexit, i Buruseli.

Umuryango w’ubumwe bwa Bulaya wemeje kwongereza ikiringo c’Ubwongereza co kuwuvamwo, gushika kw’itariki 31 z’ukwezi kwa mbere, mu gihe umushikiranganji wa mbere, Boris Johnson yariko arondera amatora yihuta kugira yubahirize ikiringo ca Brexit.

Johnson yasavye inama nshingamateka mu Bwongereza kwemera itunganywa ry’amatora kw’itariki 12 z’ukwezi kwa cumi na kabiri, yibaza ko ashobora kuronka amajwi akwiye amwemerera gutsinda Brexit ariko ntivyakunze.

Kuva mu muryango w’Ubumwe bwa Buraya kw’Ubwongereza bimaze kwigizwayo incuro zitatu kuva Ubwongereza bwemeye kuwuvamwo muri kamarampaka yabaye mu 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG