Uko wahagera

Uburaya n'Ubwongereza Bumvikanye kuri Brexit


Perezida wa Komisiyo y'ubumwe bwa Bulaya, Jean-Claude Juncker hamwe n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson
Perezida wa Komisiyo y'ubumwe bwa Bulaya, Jean-Claude Juncker hamwe n'umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson

Abategetsi b’umuryango w’ubumwe bwa Bulaya bafise icizere ko inama nshingamateka y’Ubwongereza izotora yemeza amasezerano kw’isubirwamwo ry’ingingo zo kuva k’Ubwongereza mu bumwe bwa Bulaya.

Bitegekanijwe ko abashingamateka bahura kuri uyu wa gatandatu, ariko imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi mu nama nshingamateka yamaze kuvuga ko itazoyemeza.

Umushikiranganji wa mbere, Boris Johnson hamwe n’ubumwe bwa Bulaya bashitse kuri ayo masezerano mu gitondo kuri uyu wa kane, mu gihe hasigaye indwi zibiri z’ikiringo Johnson yihaye co gukura Ubwongereza muri uyo muryango, haba amasezerano canke atabaho.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG