Uko wahagera

Abashingamateka b'Ubwongereza Bahakanye Brexit


Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Boris Johnson mu nama nshingamateka
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Boris Johnson mu nama nshingamateka

Abashingamateka b’Ubwongereza kuri uyu wa kabiri banse kwemeza umugambi w’umushikiranganji wa mbere Boris Johnson wo gukura Ubwongereza mu muryango w’Ubumwe bwa Bulaya mu mpera z’uku kwezi kwa cumi.

Imbere y’iryo tora, umushikiranganji wa mbere Boris Johnson yari yatanze integuza ku badepite ko nibaramuka batemeje iyo ngingo yiwe yo gukura Ubwongereza mu muryango w’Ubulaya, azotumako amatora.

Ubumwe bwa Bulaya buriko burihweza nimba bwoha Ubwongereza ayandi mezi atatu, gushika mu kwezi kwa mbere, mu cizere ko abashingamateka bakigonangwa bovyemeza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG