Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere w'Ubwongereza Theresa May Azokwegura


 Theresa May amaze kuvuga ko azokwegura
Theresa May amaze kuvuga ko azokwegura

Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Theresa May yatangaje kuri uno wa gatanu ko azotanga imihoho igenekerezo rya 7 ukwezi kuza kwa gatandatu.

Mu ijambo ryiwe May yasiguye ko yegujwe nuko atashoboye gushikana umugambi w’ukwiyonkora k’Ubwongereza mu muryango w’ubumwe bwa Bulaya uzwi nka “Brexit” nkuko abanyagihugu bari bavyipfuje.

Mu 2016 mu matora ya ego canke oya, 52 kw’ijana vy’Abongereza bari batoye ko bashaka ko igihugu cabo kiva mu bumwe bwa Bulaya. Ni Umugambi yamara wahuye n’intambamyi nyishi zirimwo abashingamateka banse kuwutora incuro zitatu.

N’ijwi ryuzuye agahinda n’ibigumbagumba May yumvikanye avuga ko ikimubababaje ari uko uwo azosigira igihugu azoba amusigiye igihugu kitiyunze.

Yagize ati:“ryari iteka ntangere kuba umupfasoni wa kabiri agiye muri ano mabanga”. Ayo majambo yayavuze bimwanka mu nda hama yibutsa urukundo akunda Abongereza n’Ubwongereza imbere yuko asubira mu biro vyiwe ahisha ibigumbagumba.

Theresa May w’imyaka 62 uretse ko azokinjura mu mabanga y’umushikiranganji wa mbere azoca anatanga imihoho nk’umukuru w’umugambwe w’aba conservateurs. Muri uwo mugambwe bavuze ko uwuzomusubirira muri iyo myanya ibiri azotorwa mu kwezi kw’indwi.

Umuryango w’ubumwe bwa Bulaya ku ruhande rwawo watangaje ko iyegura rya May ataco riza guhindura ku bijanye n’ikiringo wariwahaye Ubwongereza kugira bube bwabaviriheyo nkuko bwabisavye.

Abakuru b’ibihugu vya Bulaya barimwo Emmanuel Macron w'Ubufaransa na Chanceliere w’Ubudagi Angela Merkel bavuze ko ugutanga imihoho kwa Theresa May vyerekanye ubutwari bwiwe.

Manda ya Theresa May ni yo ibaye ngufi muri manda zose z’abashikiranganji ba mbere kuva intambara y’isi ya kabiri iheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG