Uko wahagera

Abayisilamu bo muri Tanzaniya Basaba Kuronswa Incanco za Covid-19


Prezida wa Tanzania Samia Suluhu Hassan
Prezida wa Tanzania Samia Suluhu Hassan

Abayisilamu bo muri Tanzaniya bipfuza kuzoja mu rugendo rweranda rwa Hajj ruzobera mu gisagara ca Mecca muri Arabiya Sawudite mu kwezi kw’indwi, basaba kuronswa incanco za Covid-19.

Urugendo rwa Hajj ruri mu rwo abayisilamu babishoboye basabwa gukora n’imuburiburi rimwe mu buzima bwabo. Uno mwaka, Arabiya Sawudite yavuze ko ata n’umwe azokwinjira igisagara ca Mecca kiberamwo urwo rugendo kigafatwa nka caranda muri iryo dini adacandazwe umugera wa Corona.

Mu gihe Tanzaniya itaratangura gucandaga uwo mugera, abayisilamu bo muri ico gihugu bavuze ko bafise impungenge ko bishobora gutuma abavyipfuza bataja muri urwo rugendo. Umwe mubavuganye n’Ijwi ry’Amerika muri Tanzaniya yagize ati : “ Umwanya usigaye kugira urugendo rwa Hajj rutangure ni muto, ariko turizeye ko indongonzi zacu zizobidufashamwo.”

Mu ntango z’uno mwaka, Tanzaniya yamiriye kure incanco za Covid-19, Umuhisi John Pombe Magufuli akomeza kwumvikana ashishikariza abanyagihugu biwe gufata imiti kama hagukoresha incanco. Amaze gushengera ariko, uwamusubiririye Samia Hassan yaciye ashiraho umurwi ufasha reta guhangana n’ico kiza. Mu cegeranyo uwo murwi wasohoye haraheze indwi zibiri, wahanuye reta gutangura gucandaga abanyagihugu, uvuga ko incanco za Covid-19 zizewe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG