Uko wahagera

COVID-19: Magufuli Ntiyemera Incanco Zikorerwa mu Burengero bw'Isi


Perezida wa Tanzaniya, John Magufuli
Perezida wa Tanzaniya, John Magufuli

Perezida wa Tanzaniya, John Magufuli, yagabishije umushikiranganji wiwe w’amagara y’abantu kutihutira kwakira urukingo rwa COVID-19, avuga ko izo ncanco zishobora kuba zidakora canke atari nziza ku magara y’abantu.

Mw’ijambo yashikirije kuri uyu wa gatatu ari mu burengero bw’igihugu, Magufuli yashikirije amakenga ku ncanco zikorerwa mu bihugu vyo mu burengero bw’isi.

Magufuli yategetse umushikiranganji wiwe kuzokwemeza urucanco urwo ari rwo rwose ar’uko rwabanje kwemezwa n’abahinga ba Tanzaniya.

Nta vyinshi bizwi bijanye n’uko ivy'uwo mugera wifashe muri Tanzaniya. Yatangaje ko igihugu kitagira COVID-19 kandi n’abategetsi baranse kubandanya bakurikirana ibitigiri vy’abandura canke abahitanwa na wo.

Perezida yasavye abategetsi kwamamaza imiti yabo kama y’amababi yo mu gihugu nk’inyishu kuri COVID-19.

Reta zunze ubumwe z’Amerika iriko iragabisha abanyamerika kwirinda kugendera Tanzaniya, kuko igihugu kiri ku rugero rwa 4 rwo kugabisha.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG