Uko wahagera

Tanzaniya Irinuba Ibikoresho Mvamakungu Bipima COVID-19


Perezida wa Tanazniya JOHN MAGUFULI
Perezida wa Tanazniya JOHN MAGUFULI

Perezida wa Tanzaniya John Magufuli yinuvye ibikoresho mvamakungu bikoreshwa mu gupima umugera wa Corona. Mw’ijambo yashikirije kuri uyu w’Imana, Magufuli yatanze akarorero k’ibipimo vyakozwe mu buryo bwo guhinyuza ku mpene, n’ipapayi vyaje vyerekana ko ivyo bibiri vyanduye COVID-19. Avuga ko atumva ingene ipapayi yokwandura uwo mugera.

Magufuli, uwo reta yiwe yamye ivuga ko muri iki kiza hari ikinyegejemwo, anasaba abanyetanzaniya gusenga kugira uwo mugera urangire, yashikirije ko ivyo bikoresho birimwo utunenge n’amahinyu mu bijanye n’ubuhinga.

Magufuli akeka ko hoba hari abanyagihugu bemejwe ko banduye uwo mugera ariko atari vyo, yisunze ubushakashatsi kuri ivyo bikoresho. Yongeye ashimangira ko Tanzaniya idakwiye gusubira kuza irakira imfashanyo ayo ari yo yose ngo ni nziza ku gihugu. Yasavye amatohoza yimbitse kuri ivyo bikoresho mvamakungu vyo gupima COVID-19.

Gushika kuri uyu w’Imana, Tanzaniya yari imaze kuronka abanduye 480 barimwo 17 uwo mugera umaze guhitana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG