Uko wahagera

ONU Iratabariza Uburundi


Akamo amashirahamwe afasha mu bikorwa vyo kugarukira ku bantu vyihutirwa ntikitabwe rwose n’abagiraneza batanga uburyo. Ayo mashirahamwe amenyesha y’uko ingaruka ari ukwo abanyagihugu batazoshobora kuronka imfashanyo nk’uko yari yarategekanijwe. Mu kiganiro ayo mashirahamwe yaremesheje kuri uyu wa gatatu i Bujumbura yemeza ko ku miriyoni 121 z’amadollars ari ategekanijwe , habonetse imiriyoni 55, ni ukuvuga ibice 45 % kw’ijana zonyene.

N’aho ryashoboye kuronka ibice 70% vy’ayo ryari rikeneye, ishirahamwe PAM, ryemeza ko ingaruka zizoba iduga ry’ibitigiri vy’abasinzikazwa n’inzara, hamwe n’abasaba imfashanyo yihutirwa y’ibifungurwa. Uwuserukira iryo shirahamwe mu Burundi, Milisic Zlatan, amenyesha y’uko abantu bagera ku muriyoni umwe n’amajana umunani ari bo ryashoboye gufasha muri aya mezi abiri arangiye, mu gihe ryategekaniriza imfashanyo abagera ku miriyoni zibiri. Kubera uburyo buke kandi iryo shirahamwe ryemeza ko ryagabanuye ibifungurwa ryategerezwa gutanga ku muntu umwe umwe wese.

Ibijanye no gufasha abahunguka n’abataye izabo, na vyo nyene ntibizoshobora kuronka uburyo bukwiye. Ishirahamwe HCR ryitaho impunzi kw’isi rimenyesha ko ku miriyoni 65 z’amadollars ryari ryasavye ryashoboye kuronka imiriyoni 29, n’ukuvuga ibice 48% gusa. Uwujejwe gukingira abamemerewe nabi muri iryo shami rya ONU, Ibrahima Baba Fal,l yemeza ko abahunguka batazoshobora kuronka imfashanyo yose ikenewe mu gihe bagishika mu gihugu c’amavukiro.

Ibura ry’uburyo riramaze kugira ingaruka no ku bikorwa vyo gutegura ibibanza vyabonetse mu matongo yegukira reta, ivyo bikaba biri mu bituma indyane z’amatongo hagati y’abahungutse n’abasigaye mu gihugu zitava mu nzira.

Ishirahamwe UNICEF ryitaho ibibondo rimenyesha y’uko rifise uburyo bungana n’imiriyoni 4 n’ibihumbi amajana abiri z’amadollars, ayo nayo akaba agenewe gufasha abana bagera ku bihumbi 500. Ariko rero, azotegerezwa kwongererezwako ayandi kugira ngo iryo shirahamwe rishobore gufasha igitigiri kinini c’abana biyandikisha kuva reta yemeje ko ata mwana wo mu mashure y’intango azosubira kuriha amahera y’ishure.

Ishirahamwe ONU riramaze kubona uruhara rw’amashirahamwe y’abanyagihugu ategamiye politique mu bijanye n’ukugarukira ku bantu vyihutirwa. Ugufashanya hagati yayo kwokomera mu gihe ayo mashirahamwe y’abanyagihugu yotsimbatara mw’itunganywa ryayo.

XS
SM
MD
LG